Dr Cool
Umugabo yatunganije ubwo buhinga bwose, Dr Saud Abdul Ghani, yabwiye BBC ko Qatar ishaka gusiga iragi, gufasha igihugu no mu bindi bihe vyo muri kazoza abakinyi baramaze gutaha
Avuga ko imyaka y'ubushakashatsi bukomeye bwashitse ku co yita "kworoherwa ku bijanye n'ubushuhe", bushika gutunganya ahantu hagwa neza abantu benshi bashoboka. Kuvugana n'abanonotsi hamwe n'abafana mu mahiganwa y'isi y'ababanonotsi (World Athletics Championships), yabereye i Qatar mu 2019, vyarabashije kuringanza ibizofasha ingenzi n'abakinyi mu gikombe c'isi.
Ingene umukinyi abibona
BBC yaravuganye na Hajar Saleh, umukinyi w'inyuma mu mugwi w'igihugu w'abagore wa Qatar akaba n'umukinyi kuva agifise imyaka 11. Arazi vyose ku bijanye n'ingene bigoye gukinira urwego rwo hejuru ahantu h'ibirere birenze urugero. Avuga ko intuguta arico kintu ca mbere kigoye.
Turamenyereye ubushuhe, ariko iyo ugize ubushuhe ukagira n'intuguta ibintu bica bigora gusumba Hajar Saleh
Hajar ari mu ba mbere bumvise uko bimeze gukinira ku bibuga bibiri birimwo ubuhinga bwo kuzana akayaga . ibibuga vya Khalifa na Educational City.
Avuga ko hari ubudasa bunini, na cane cane iyo ukina mu gihe c'ukwezi ka gatandatu , kumwe mu mezi ashuha cane muri Qatar
Ubwo buhinga ntaco bwonona?
Abateguye Qatar 2022 bizeza ko inguvu zo gutanga akayaga mu bibuga vyose ata yindi myuka yonona igisenge c'isi zizokwongereza, kuko uwo muyagankuba uturuka ku ruganda rushasha ruwuhingura mu mishwarara y'izuba.
Ariko intego yo kudatuma imyuka ya carbone yiyongera n'umugambi weruye gusumba
Ubwinshi bw'imyuka ya carbone yasohotse mu gihe co kwubaka ibibuga -bungana na 90% y'imyuka yose izosohorwa n'ivyo bibanza , hakaba hagereranywa ko amatoni 800.000 y'imyuka yonona igisenge c'isi yisutse mu kirere. Ivyo bingana no kuzunguruka isi incuro 80.000 unyonga imodoka itwara abantu benshi, nk'uko bivugwa n'urwego rwa Amerika rwo guharura urugero rw'imyuka (US Environmental Protection Agency).
Uretse ibibuga, hari n'ingaruka yo kwunguruza abantu bazoja mu gikombe c'isi, harimwo indege zizojana abafana muri ico gihugu.
Fifa ivuga ko kuba ibibuga bizoberamwo inkino bitari kure na kure bisigura ko imyuka izosohoka mu mgendo hagati yavyo igereranywa kuzoba ica gatatu c'iyasohotse mu gikombe c'isi co muri Russia mu 2018.
Ivyo Qatar yiyemeje bishingiye ku buryo bwo kugabanya imyuka ya carbone kugira isubirize ikibanza kizoba catwawe n'iyimaze gusukwa mu kirere n'ivyo bibanza.
Gushika ubu ntibirasobanuka neza ingene ivyo bizoshikwako. Fifa ivuga ko iriko irakoresha ubuhinga butandukanye kugira isubirize ikibanza kizotwarwa n'imyuka izoterwa n'igikombe c'isi, harimwo gukoresha ibikoresho bikenera inguvu nke, gutunganya neza imicafu, inguvu ziva ku masoko yisubiriza hamwe, bishobotse, no gutera ibiti. Ariko, gushika ubu ntawushobora kwemeza imigambi ya nyuma izotorwa iyari yo.
Bene izo ndinganiro zisohobora gufata imyaka myinshi imbere y'uko zifasha mu gukwega imyuka ya carbone.Anatohoza ya vuba ya BBC yerekana ko amwe mu mashamba yatewe kugira afashe mu gukwega carbone ari mu mpapuro gusa.
Bizofata umwanya rero kugira vy'ukuri tumenye niba Qatar koko izoba yashitse ku ntego zayo zoijanye n'imyuka ya carbone canke niba ivyo yemeye vyari uruhendo.
Ico gihugu kiracariko kandi kiragerageza kwikurako ibineguro vy'ingaruka ku bakozi bashika 30.000 baturuka hanze bakoze mu kwubaka ivyo bibuga harimwo benshi bapfuye abandi bagakomereka cane. Harabaye kandi ibirego vy'uko hari abantu bakoreshejwe ku gahato, gukora mu buryo bubangamye cane, amazu yo kubamwo atabereye, imishara itarishwe hamwe n'ibitabo vy'inzira (passports) vyanyazwe benevyo.
Reta ya Qatar ivyo irabihakana, igashimika yemeza ko kuva mu 2017 yashizeho ingingo zo gukingira abakozi b'abanyamahanga kugira ntibakorere mu bushuhe burenze urugero,kugabanirizwa amasaha bakora no kguteza imbere amaka,bi abakozi babamwo. Ariko, mu mwaka was 2021 wonyene, hapfuye abakozi 50 abandi barenga 50 barakomereka bikomeye muri Qatar mu bakora mu migambi itandukanye ifitaniye isano n'igikombe c'isi, nk'uko vyerekanwa n'amakuru y'ibiro mpuzamakungu vy'akazi, ILO/OIT. Ico ni ikindi kibazo kizotuma ico gihugu co mu bugaragwa kiguma gihsinzwe ijisho.